Uko wahagera

Ubushinwa: Imvura Yarahitanye Abatari Bake


Abatabara bagerageza kurokora abantu mu ntara ya Fujian, mu Bushinwa
Abatabara bagerageza kurokora abantu mu ntara ya Fujian, mu Bushinwa

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abashinwa Xinhua rimenyesha ko abajejwe kurokora abantu batoye ibiziga 22 vy’abantu bahambwe n’ivyondo bivanye n’imvura nyinshi yaguye mu bumanuko bushira umuseruko bw’intara ya Fujian.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko iyo mvura yaguye ku musi w’Imana, yasenyuye urugomero rw’umuyagankuba rwariko rurubakwa ahitwa Taining.

Abantu 17 gushika n’ubu ntibazi irengero ryabo. Abashika indwi barakomeretse.

Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa yategetse abatabara gukora uko bashoboye kugira barokore abatari bake, ariko imvura yagumye igwa ntiyaborohereje mur’ico gikorwa.
Mur’ico gihugu c’Ubushinwa abantu bama bahitanwe n’ukubomoka kw’isi.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, abarenga 70 barapfuye mugihe uruzi rwuzura rugahitana isi mu gice c’ahitwa Shenzhen, mu ntara ya Guangdong.

XS
SM
MD
LG