Uko wahagera

Iraki: Abu Wahib Yarishwe


Umutegetsi wa gisirikare wa ISIS muri Iraki, Abu Wahib ariko aha ishurwe umwana
Umutegetsi wa gisirikare wa ISIS muri Iraki, Abu Wahib ariko aha ishurwe umwana

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Leta zunze ubumwe za Amerika butangaza ko indege za gisirikare za Amerika zishe indongozi y’Umugwi wa Leta ya Kiyisilamu mu ntara ya Anba muri Iraki.

Peter Cook, avugira ubwo bushikiranganji yamenyesheje ku wa mbere ko kw’italiki 6 z’uku kwezi kwa gatanu indege ya Amerika yishe uwitwa Abu Wahib, imwicana n’abo barikumwe hafi y’igisagara ca Rutba.

Cook amenyesha ko Abu Wahib yagaragaye mu mavidewo yo kwica abantu Leta ya Kiyisilamu yerekanye. Amenyesha kandi ko kumwica ari intambwe ikomeye mu guhasha intagondwa z’uwo muhari.

Cook yamenyesheje ko Abu Wahib yishwe ari mu modoka ariko ntiyamenyesheje ubwoko bw’indege yagavye ico gitero ko ari indege y’intambara isanzwe canke ko ari drone.

XS
SM
MD
LG