Uko wahagera

Simone Gbagbo Yarengukishijwe n’Ubutungane


Laurent Gbagbo n'umutambukanyi wiwe bahagaritswe n'ubutegetsi mu mwaka w'2011
Laurent Gbagbo n'umutambukanyi wiwe bahagaritswe n'ubutegetsi mu mwaka w'2011

Simone Gbagbo, umutambukanyi wa Laurent Gbagbo yahoze arongoye Kote Divuwari ku wa mbere yararengutse imbere y’Ubutungane bwo mu gihugu ciwe.

Yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vyo kwibasira ikiremwa muntu yagirizwa ko yakoze muri Kote d’Ivuware mu myaka y’ 2010-2011.

Ni mugihe kuwa mbere nyene ariho Laurent Gbagbo, bubakanye yaburanishwa ubugira kandi na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye mu Buholande aho afungiwe ku vyaha nk’ivyo nyene.

Simone Gbagbo yagirizwa ivyaha yoba yarakoze mu ruhagarara rwadutse inyuma y’amatora yo mu 2010, inyuma yaho umugabo wiwe Laurent Gbagbo yari ku butegetsi na Alassane Ouattara bose bemeza ko batsinze amatora y’umukuru w’igihugu.

Urwo ruhagarara rwamaze amezi ane rwahitanye bantu bashika 3000. We n’umugabo wiwe baciye bahagarikwa hanyuma Ouattara ashirwa ku butegetsi.

Abategetsi ba Kote Divuwari baranse kwohereza Simone Gbagbo I La Haye ahari umugabo wiwe, bamenyesha ko ubutungane bw’ico gihugu bushobora kumucira urubanza.

Mugihe Simone Gbagbo yokwagirwa n’ivyo vyaha ashobora gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

XS
SM
MD
LG