Uko wahagera

Kenya: HCR Ifise Impungenge ku Mpunzi


Impu nzi z'Abasomali mw'ikambi ya Dadaab, muri Kenya
Impu nzi z'Abasomali mw'ikambi ya Dadaab, muri Kenya

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, ryitaho impunzi, HCR, risaba igihugu ca Kenya gusubira kwiyumvira imigambi yaco y’ukwugara amakambi abiri akomeye y’impunzi mu gihugu. Ishirahamwe HCR rimenyesha kw’iyo ngingo yogira ingaruka zikomeye cane ku bantu ibihumbi amajana n’amajana.

Ishirahamwe HCR ryatangaje, ku musi wa mbere, ko ritewe impungenge bikomeye n’ingingo ya Reta ya Kenya. Iryo shirahamwe risaba Reta kwirinda gufata ingingo iyariyo yose ishobora kuba itandukanye n’amasezerano mpuzamamungu yiyemeje kwubahiriza. Ishirahamwe HCR rimenyesha ko umutekano w’impunzi ibihumbi amajana n’amajana ufatiye ku buntu bw’abategetsi b’igihugu ca Kenya.

Abategetsi ba Reta ya Kenya batangaje, ku musi wa gatanu, ko bazokwugara amakambi y’impunzi ya Dadaab na Kakuma vuba cane.

Ivyo kubera impamvu z’umutekano, cane cane umurwi al-Shabab, wagize ibitero bitari bike vyihaye inkumbi muri Kenya.

Batangaza ko kwakira impunzi, nyinshi ziva muri Somaliya, biteye ibibazo bikomeye cane vyerekeye umutekanno.

Yamara itangazo rya Reta ya Kenya ntirimenyesha, ku buryo butomoye, kw’impunzi zizokwirukanwa mu gihugu.

Ikambi y’impunzi ya Dadaab, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya, ibwonwa ko ariyo kambi y’impunzi nini cane kw’isi, irimwo muri iki gihe abantu ibihumbi amajana atatu, benshi muribo Abasomali.

Ikambi ya Kakuma, mu buruko bushira uburengero bw’igihugu, irimwo abandi bantu ibihumbi mirongo itanu na bitanu.

XS
SM
MD
LG