Uko wahagera

Ubwongereza: Kuva mu Bulayi Vyotera Uruhagarara


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, David Cameron, yagabishije, mw’ijambo uno musi ku wa mbere, ko hamwe Ubwongereza bwova mu muryango w’Ubumwe bw’Ubulayi, ivyo bishobora gutuma haba uruhagarara muri ako karere.

Cameron yashikirije ijambo rikomeye ku musi wa mbere, ku vyerekeye umutekano w’igihugu. Ni mu gihe abashaka kuva mu karere k’Ubulayi bariko baheraheza igikorwa cabo, imbere yuko Ubwongereza bugirisha referendumu kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu.

Cameron aribaza nimba amahoro n’umutekano mu karere k’Ubulayi bizobandanya, hamwe Ubwongereza bwova mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Yatangaje kw’uwo muryango wafashije guhwamika uruhagarara muri kahise, igihe ibihugu vyatana mu mitwe mu kiringo kitari gito.

Yongeye aragabisha kandi ku nkurikizi zikomeye, mu vyerekeye ubutunzi, hamwe Ubwongereza bwohitamwo kwikura ku muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Amenyesha ko vyogira ingaruka mbi zikomeye ku banyagihugu.

XS
SM
MD
LG