Ukugene abategetsi b’igihugu ca Koreya ya ruguru bariko bafata abamenyeshamakuru, biratandukanye n’isura Reta ya perezida Kim Jong Un iriko yerekana mw’ikoraniro ry’umugambwe uri ku butegetsi, irirko riraba muri iki gihe ku murwa amukuru, Pyongyang.
Koreya ya ruguru yirukanye umurwi w’abamenyeshamakuru ba BBC, uno musi ku wa mbere, mu bisa nuko vyavuye ku mpamvu zuko abategetsi b’ico gihugu batanezerejwe n’amakuru bashikirije.
Rupert Wingfield-Hayes, akorera BBC i Tokyo, hamwe na Maria Byrne, na Matthew Gooddard afata amasanamu na camera, bapfunzwe ku musi wa gatanu w’indwi iheze, igihe bari biteguriye kuva muri Koreya ya ruguru.
Wingfield-Hayes, yasambishijwe amasaha umunani.
Uwo murwi w’abamenyeshamakuru ba BBC bari muri Koreya ya ruguru, imbere y’ikoraniro ry’umugambwe uri ku butegetsi, Workers Party Congress.
Bifatanije n’abandi bamenyeshamakuru b’abanyamahanga ijana na mirongo itatu, kugira bakwirikirane ibikorwa vy’ukwugurura iakoraniro ry’umugambwe, Workers Party Congress, ikoraniro rikomeye cane ry’uwo mugambwe ribaye mu kiringo c’imyaka itari mike.
Yamara abamenyeshamakuru bariko bakwirikirana iryo koraniro bagumijwe kure yaho abategetsi b’umugambwe uri ku butegetsi muri Koreya ya ruguru bakoraniye.