Uko wahagera

Somaliya: Batanu Barishwe i Mogadisho


Inyubakwa yasambuwe n'igitero ca bombe mu kibanza c'igipolisi ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, uno musi ku wa mbere, italiki 9 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.
Inyubakwa yasambuwe n'igitero ca bombe mu kibanza c'igipolisi ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, uno musi ku wa mbere, italiki 9 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.

Abantu batanu bishwe abandi barakomereka inyuma y’igitero cabereye ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Abarwanyi b’umurwi al-Shabab biyitiriye ico gitero.

Ivyabona batangaza ko bumvise bombe iturika, hanyuma ikwirkirwa n’amasasi ku rwinjiriro ry’icicaro c’igipolisi hafi y’igice ca Shangani ku murwa mukuru, Mogadisho. Ico kibanza c’igipolisi kiri hafi ya Ambasade ya Reta ziyunze z'Abarabu

Bombe yari yatezwe mu modoka yaturikijwe n’umwiyahuzi. Gatoyi inyuma yaho umwe mu bagize vigitero yagerageje kwinjira mu nyubakwa y’igipolisi, yamara abapolisi bamurashe.

Amakuru yatangarijwe Ijwi rya Amerika, avuga ko ibiziga vy’abantu batanu vyatowe, abandi bantu cumi na batatu bakoremetse bajanwe mu bitaro. Abapolisi batatu bari mu bapfuye.

XS
SM
MD
LG