Uko wahagera

Kenya Irateganya Gufunga Inkambi z'Impunzi


Reta ya Kenya itangaza ko igiye kwugara ikambi zibiri z’impunzi ziri muri ico gihugu. Iyo ngingo igiye kugira ingaruka kumpunzi zigera ku bihumbi amajana ane.

Guverinoma yasohoye iryo itangazo ku musi wa gatanu ivuga kw’iyo ngingo yafashwe ku mpamvu zo gukingira umutekano w’igihugu. N’ubwo iryo tangazo ryasomwe ku mpapuro zibiri zuzuye, reta ntiyatomoye neza na neza kw’iyo ngingo yari gamije kwirukana impumzi muri ico gihugu.

Yamara reta yarongeyeko ivuga kw’iyo ngingo igiye kugira ingaruka mbi kumpunzi. Yabandanyije isaba ko amakungu yogira ica akoze kugira izo ngaruka ngaruka ntizibe nyinshi kuri izo mpunzi.

Igihugu ca Kenya gisanzwe gifise impunzi zigera ku 600,000. Ibice bitatu kuri bine bigizwe n’abanyesomaliya, ikindi gice kinini kikaba kigizwe n’abanyesudani yepfo.

XS
SM
MD
LG