Uko wahagera

Bujumbura: Gerenade Yakomerekeje 6 mu Kinama


Aho hari mu Kinama tariki ya 25 y'ukwezi kwa gatanu 2015
Aho hari mu Kinama tariki ya 25 y'ukwezi kwa gatanu 2015

Abantu umunani nibo bakomerekeye mu gitero ca gerenade mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu muri zone Kinama ku mugwa mukuru Bujumbura.

Ico gitero cabaye igihe c’isaha imwe n’inusu z’ijoro. Cabereye mu kirabo kiri kw’ibarabara rikuru RN9 riva ku mugwa mukuru Bujumbura rije mu ntara ya Bubanza mu burengero. Ico kirabo kiri kw’ibarabara rya kabiri muri karitiye Bururi, zone Kinama, komine Ntahangwa mu burarauko bwa Bujumbura. Igipolisi cemeza ko abantu bane mubahakomerekeye bababaye rwose.

Haheze igihe hibonekeza ibitero ahantu hakoranira abantu benshi nk’ahahagarara imiduga parking canke ubunywero. Inzego z’umutekano zisigura ko ibitero benibi ari iterabwoba. Iruhande y’iyo nsiguro ariko ubushikiranganji bw’umutekano burafise n’ikindi buhanura abanyagihugu na cane cane abafise ubunywero.

Turetse iki gitero cabereye muri zone kinama mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu, mu bijanye n’umutekano kandi kuruyu wa gatandatu muri zone Musaga mu bumanuko bwa Bujumbura hazindutse haba isakwa ry’ibigwanisho. Iryo sakwa ryabereye mu ma karitiye ya Gikoto, Kinanira na Kamesa. Igipolisi cemeza ko cahafatiye ibigwanisho n’abikekwa kubitunga.

Ariko rero hari imiryango imenyesha ko abantu babo bahagaritswe n’igipolisi mu gihe bari bakiryame kandi ko ari inzirakarengane. Bamwe muribo batashimye gutanga amajwi banemeza ko ababo bakubiswe barashaya imbere y’ukujanwa gufungwa.

Ku misi ya gatatu n’iya kane muriyi ndwi, aho ku Musaga hari gafatiwe abantu batari bake. Mugabo bahavuye barekurwa abajejwe intwaro bamaze kugenzura basanga n’abanyagihugu bazwi bari no mu makaye ingo zitegerezwa gutunga zikandikwamwo ababa mu rugo rumwe rumwe.

Ahandi hafashwe abantu ni muri zone Nyakabiga hagati mu gisagara ca Bujumbura. Aho hafashwe abasore batandatu mu kajoro ko kuruyu wa gatanu.

Abahaba bavuga ko iyo misore yayowe n’abantu bambaye umwambaro w’igipolisi kijejwe gucungera inzego API ariko ata mutahe w’ukubahagarika babanje kwereka bene gufatwa.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:07 0:00

XS
SM
MD
LG