Uko wahagera

Nijeriya: Igitero Ku Vyuma Bihingura Igitoro


Igisirikare ca Nijeriya kirwanira mu mazi camenyesheje kuwa kane ko abantu bitwaje ibirwanisho bagavye igitero kuvyuma biri mw’ibahari vy’ikompanyi y’abanyamerika yitwa Chevron yimbura igitoro mu ntara ya Delta.

Ico gitero catumye haba ubwoba ko hagira hasubire kuba intambara mu ntara ya Delta yigeze kubamwo imigumuko y’abanyagihugu mu mwaka w’2009 basaba ko bohabwa ku butunzi buva mur’ico gitoro cimburwa mu ntara yabo.

Umuvugizi w’igisirikare ca Nijeriya kirwanira mu mazi, Chris Ezekobe yabwiye ijwi ry’Amerika ko ata wahasize ubuzima. Amenyesha ko ata makuru afise nimba hari ivyononekaye mur’ivyo vyuma.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yatangaje mu kwezi guheze kwa kabiri ko leta yiwe igiye guhagurukira abakora ibitero ku mahinguriro y’ibitoro nkuko ariko ararwanya umugwi w’intagondwa wa Boko Haram.

XS
SM
MD
LG