Uko wahagera

Israel Iribuka Ihonyabwoko Ryakorewe Abayahudi

Robert Tomashof yarokotse ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi ariko adomeka ikimuri, mu birori vy'ugutanguza umusi w'ukwibuka ihonyabwoko ryakorewe Abayahudig the opening ku cibutso Yad Vashem Holocaust Memoriamu gisagara ca Yeruzalemu, kw'italiki zine z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Igihugu ca Israel cahagaritse imirimo, mu kiringo c’iminuta ibiri, uno musi ku wa kane, mu gihe sirene zavuze ku musi w’ukwibuka ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi.

Uruja n’uruza vyahagaze, mu gihe abantu bahagaritse imodoka zabo, barazivamwo, bahagarara i ruhande yazo kugira bibuke Abayahudi imiliyoni zitandatu bishwe n’inteko z’aba Nazi n’abo bakorana.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi ca Yad Vashem, mu gisagara ca Yeruzelemu.

Ivyo vyabaye bimwe mu birori bitari bike vyabereye mu gihugu cose.

I Washington, ibiro vya perezida, Maison Blanche, vyamenyesheje mww’itangazo ko Reta ya Amerika ibandanya kwiyemeza, ku vyerekeye ukutibagira ihonyabbwoko ryakorewe Abayahudi, hamwe n’ugukora ibishoboka vyose kugira ububisha nkubwo ntibusubire kuba mu makungu.

Reta ya Amerika imenyesha ko yifatanije n’Abayahudi, baba abari mu gihugu cabo canke mu mahanga.

Umusi w’ukwibuka ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi, wiswe, Yom HaShoah, wama uhimbazwa uko umwaka utashe, watanguye ku mugingamo wo ku musi wa gatatu.

XS
SM
MD
LG