Uko wahagera

Ubwongereza Bufite Inyungu Kugumana n'Uburayi


Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe aragabisha ko hamwe Ubwongereza bwova mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Avug ako ivyo bishobora kugira ingaruka mbi ku mitahe y’Ubuyapani muri ico gihugu.

Guhitamwo kuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, vyotuma Ubuyapani butazana imitahe yabwo mu Bwongereza.

Ivyo umushsikiranganji wa mbere w”Ubuyapani, Shinzo Abe, yabitangarije abamenyeshamakuru, ari kumwe n’umushikiranganjni wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, i Londres.

Abe avuga kw’amashirahamwe agera ku gihumbi y’Ubuyapani akorera mu Bwongereza, akoresha abantu ibihumbi iajana na mirongo ine. Yongeye atangaza ko menshsi muri ayo mashirahamwe akorera mu Bwongereza, kubera ico gihugu ariyo nzira y’ugushika mu muryango w’Ubumwe bw’Ubulayi.

Umushikiranganji wa mbere Abe, avuga ko Ubwongereza bugumye mu muryango w’Ubumwe bw’Ubulayi, ivyo vyogirira akamaro amakungu kurushiriza. Amenyesha ko bashaka ko Ubwongereza n’Ubulayi biguma bifise uruhara mu makungu, bitanga intererano ku bijanye n’amahoro n’umutekano kw’isi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza,Cameron, avuga ko imitahe y’Ubuyapani, y’agaciro kagera ku miliyaridi mirongo itanu na zitanu z’amadolari, yagiriye akamaro igihugu ciwe.

Abongereza bazohitamwe nimba bashaka kuva canke kuguma mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu, muri referedumu yatumweko n’umushikiranganji wa mbere, David Cameron.

XS
SM
MD
LG