Uko wahagera

USA: Ukwihenda mu Kuvura Bihitana Abatari Bake


Ukwihenda mu kuvura kuza ku mwanya ugira gatatu mu bihitana abantu benshi muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika.

Ivyigwa bishasha biheruka gukorwa vyerekana ko abantu barenga ibihumbi 250 bapfa buri mwaka muri Amerika bivanye n’ukwihenda canke ugusamara kw’abaganga mugihe baba bariko barabavura.

Ukwihenda mu kuvura vyatumye haba ingaruka mbi ku bihimba vy’umubiri bifasha mu guhema, bituma indwara zifatira mu bihimba vyo guhema ziza ubugira gatatu mu vyica abantu benshi muri Amerika.

Ikigo kijejwe kugenzura no kugira ubushakashatsi ku ndwara muri Amerika cari catangaje mu mwaka w’2013 ko indwara y’umutima iza ukwa mbere mukwica benshi, igakurikirwa na Cancer ku mwanya wa kabiri.

XS
SM
MD
LG