Uko wahagera

Misiri: Abanyamakuru Bari mu Migumuko


Abamenyeshamakuru bo muri Misiri basaba ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yokurwa mu mabanga yiwe inyuma y’igitero cagabwe n’igipolisi, igitero cakurikiwe n’ihagarikwa ry’abamenyeshamakugu babiri.

Abantu baharurwa mu bihumbi ejo ku musi wa gatatu barakoraniye ku murwa mukuru wa Misiri Kayiro biyamiriza uwo mushikiranganji, Magdy Abdel Ghaffar.

Ihuriro ry’abanyamakuru muri Misiri risaba ko abamenyeshamakuru bose bapfunzwe barekurwa, basaba kandi ko umukuru w’igihugu yosaba imbabazi kandi bagabisha ko mugihe ivyo basaba bitokorwa bazobandanya imigumuko.

K’umusi w’Imana niho umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Misiri yahagarika abamenyeshamakuru babiri abagiriza ko bagumuye abanyagihugu kugira biyamirize ingingo leta yafashe yo kwimurira amazinga abiri yo mu kiyaga gitukura ku gihugu ca Arabiya Sawudite mu kwezi guheze.

XS
SM
MD
LG