Uko wahagera

Iraki-Amnesty : Imbohe Zibayeho Ubuzima Bubi


Frankfurt, Germaniya
Frankfurt, Germaniya

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rimenyesha ko abanyagihugu barenga 1,000 ba Iraki bapfunzwe bataciriwe imanza mu bigo bishinzwe kurwanya iterabwoba biri mu bice bitandukanye vy’ico gihugu.

Umunyamabanga mukuru wa Amnesty International, Salil Shetty yamenyesheje ko izo mbohe zirundanirijwe mu twumba duto cane, aho bataronka akaryo ko kwigororo canke kurambika umusaya hasi, ivyo bakabibamwo ku musi ku musi, ku murango no mw’ijoro.

Amenyesha kandi ko batemererwa gosohoka kugira bashobore guhema impwemu zo hanze.

Amnesty imenyesha ko benshi mur’izo mbohe bafashwe igihe abasirikare ba Iraki bafata ibisagara babamwo vyari mu minwe y’umugwi wa leta ya Kiyisilamu.

Benshi bakekwa kuba bakorana n’uwo mugwi w’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG