Uko wahagera

Zika: Imiliyoni z’Abantu Barageramiwe


Abantu imiliyoni 500 bo mu bihugu vyo ku mugabane wa Amerika no mw’izinga rya Karibeya bashobora gufatwa n’umugera wa Zika.

Gushik’ubu ibihugu 37 vyo kur’uyo mugabane wa Amerika nivyo bivugwamwo uwo mugera.

Umugera wa Zika, ufise ingaruka mbi ku bana bavuka aho bavukana imitwe n’ubwonko buto

Ibitigiri vyinshi vy’abamaze kwandura uyo mugera bivugwa mu gihugu ca Brezil ariko no mu bihugu vya Kolombiya, Panama, Martinika na Leta zunze ubumwe z’Amerika uramaze kwigaragazayo.

Abajejwe amagara y’abantu bamenyesha ko uburyo bwo kwikingira uyo mugera ar’ukwirinda kuribwa n’imibu iyitera kandi abakenyezi bakirinda gusamira imbanyi mur’ivyo bihugu uvugwamo.

XS
SM
MD
LG