Uko wahagera

ONU-Siriya: ONU Itegeka Gukingira Ibitaro


Inama ijejwe umutekano ya ONU
Inama ijejwe umutekano ya ONU

Inama ya ONU ijejwe umutekano yaremeje icemezo gisaba abafise uruhara mu ntambara muri Siriya gukingira ibitaro, n’ibindi bigo bifasha abanyagihugu mu magara yabo kandi abazosubira kugaba ibitero kur’izo nyubakwa bazohanwa bimwe biboneka.

Ico cemezo cafashwe ku musi wa kabiri inyuma y’ibitero vy’ubwicanyi bimaze imisi bikorwa ku mavuriro n’ibitaro mu bice birimwo intambara muri Siriya.

Ibitero bishika 30 nivyo vyagabwe n’indege za leta ya Siriya mu bice biri mu minwe y’umugwi wa leta ya Kiyisilamu mu gisagara ca Aleppo ku musi wa gatandatu italiki 30 z’ukwezi kwa kane, ibitero vyahitanye abashika batanu.

Ico cemezo categuwe n’abagize iyo nama baserukira ibihugu vya Nuvele zelande, Espanye, Misiri, Ubuyapani na Urugweyi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yashikirije ko igihugu cose gikwiye gukingira inyubakwa z’ibitaro n’abakozi bavyo no guhana abagira uruhara mu bwicanyi nk’ubwo aho gushikiriza amajambo yo kuvyiyamiriza gusa.


Amenyesha ko ubu igice c’ibitaro muri Siriya vyugawe, abanyesiriya baharurwa mu miliyoni ntibagira aho bivuriza, ivyo yabishikirije kuwa kabiri.

XS
SM
MD
LG