Uko wahagera

Isirayeli: Abasirikare Bishe Umunyepalestina


Leta ya Isirayeli imenyesha ko abasirikare bayo barashe barica umushoferi w’umunyepalestina mu ntara ya Cisjordaniya inyuma yaho atembagarije imidoka yari atwaye ku yindi modoka yarimwo abasirikare batatu ba Isirayeli.

Abategetsi bo muvy’amagara y’abantu muri Palestina bamenyesha ko uwo mugabo yishwe azwi kw’izina rya Ahmed Reyad Shehada, yar’afise imyaka 36 y’amavuko.

Bamenyesha kandi ko ivyo vyabereye hafi y’igisagara ca Ramallah yar’asanzwe abamwo.

Abategetsi ba Isirayeli batangaza ko mur’aya mezi aheze abasirikare 28 ba Isirayeli hamwe n’amanyamerika babiri bamaze kwicwa n’abanyepalestina.

Abanyepalestina basika 200 nabo baramaze kwicwa n’inzego z’umutekano za Isirayeli kuva ubwo bwicanyi butanguye mu mpera z’uyu mwaka urangiye.

XS
SM
MD
LG