Uko wahagera

Umuryango w'Ubumwe bw'Ubulayi kw'Itangazamakuru mu Rwanda


Imyiyerekano y'ugushigikira ubwigenge bw'itangazamakuru mu makungu
Imyiyerekano y'ugushigikira ubwigenge bw'itangazamakuru mu makungu

Mu gihe amakungu ahimbaza umusi wahariwe ibwigenge bw’itangazamakuru, abaserukira umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi basohoye ubutumwa, bavyumvikanyeko n’abaserukira ibihugu bigize uwo muryango mu Rwanda.

Batangaza ko mu gihe amakungu ahimbaza umusi wahariwe ubwigenge bw’itangazamakuru, ivyo vyerekana akamaro gakomeye k’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro nk’uburenganzira ngenderwako bw’abantu bose.

Batangaza kw’icivugo c’uyu mwaka, “Ubwigenge bw’ugutangaza amakuru”, cerekana uruhara rukomeye itangazamakuru ryigenga rifise, mu gutuma abantu bahanahana amakuru mu mwidegemvyo no ku mugaragaro.

Batangaza ko ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro ari imwe mu nkingi zikomeye cane umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi bwashigiweko.

Abaserukira umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi bavuga ko gukomeza n’ugukingira ubwo burenganzira mu makungu, ari ikintu umuryango w’ubumwe bw’Ubuyali ushikirako cane.

Abaserukira umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi mu Rwanda, basaba Reta y’Urwanda kubandanya gutunganya neza ivyerekeye itangazamakuru, n’ugushira imbere ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu, yishweza ukugene ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyifashe mu makungu, yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe, mu mwaka w’i 2015, Urwanda rwaremeye ibintu bibiri vyasabwe muri iyo ntumbero. Ubwa mbere, Urwanda rwemeye kubandanya gukomeza amategeko akuraho ingingo zose zigeramira ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Ubwa kabiri, Reta y’Urwanda yameye ivyasabwe vy’ugukomeza utwigoro tw’ugushira mu ngiro imigambi ijejwe gukwirikirana ukugene itangazamakuru rikora, kugira bifashe mu gikora c’ukuronka amakuru ata ntambamyi, n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

XS
SM
MD
LG