Uko wahagera

Donald Trump Arondera Gutsinda Bikomeye Ted Cruz


Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump
Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump

Abanyagihugu muri Reta ya Indiana, uno musi ku wa kabiri, baraja mu matora ya mbere akomeye cane ku bakandida bo mu mugambwe w’Abarepublika, aho umukandida ri imbere y’abandi, Donald Trump, ahiganwa n’umukandida amwegereye, Senateri wo mu ntara ya Texas, Ted Cruz.

Intsinzi ya Cruz muri Reta ya Indiana, yotuma Turmp yegereza cane, mu nzira y’ugutorwa n’umugambwe w’Abarepublika kugira awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icmu na rimwe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo imbere y’ikoraniro ry’umugambwe w’Abarepublika rizoba mu kwezi kw’indwi mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio.

Donald Trump atangaza ko niyo yatsinda amatora yo muri Reta ya Indiana, ihiganwa rizoba rirangiye.

Ted Cruz ahiganwa nawe, yiyamamaje mu kiringo c’indwi muri Reta ya Indiana.

Yasavye abatora kumushigikira mu mugambi wiwe w’ugutuma Trump adatsindira guserukira umugambwe w’Abarepublika.

Amatohoza menshi yagizwe imbere y’amatora y’uno musi ku wa kabiri, yerekana ko Donald Trump, ari imbere cane ya Ted Cruz.

Ku ruhande rw’Abademokrate, Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubzumwe za Amerika, aregeranye cane na Senateri wa Reta ya Vermont, Bernie Sanders, muri Reta ya Indiana.

XS
SM
MD
LG