Uko wahagera

Kenya: Umwana w'Umukobwa Yatabawe


Ibisigarira vy'inyubakwa yasenyutse ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi
Ibisigarira vy'inyubakwa yasenyutse ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi

Abakozi bajejwe gutabara i Nairobi, muri Kenya, bakuye, uno musi ku wa kabiri, umwanwa w’umukobwa w’umwaka umwe mu bisigarira vy’inyubakwa yasenyutse ku musi wa gatanu.

Ugusenyuka kw’iyo nyubakwa vyahitanye abantu mirongo ibiri n’umwe.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, muri Kenya, ryamenyesheje kw’ico gokorwa c’ugutabara cabaye, mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri. Iryo shirahamwe ritangaza ko uwo mwana w’umukobwa w’umwaka yajanywe mu bitaro, i Nairobi, kubera ukubura amazi mu mubiri. Yamara nya bimenyetso afise vy’ukuba yakomeretse.

Abakozi bajejwe gutabara batangaza ko hari umwizero muke w’ugutora abandi boba bakiri bazima mu bisigarira vy’inyubakwa yasenyutse, mu gice ca Haruna ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Abantu bagera kw’ijana na mirongo itatu na batanu baratabawe, igihe iyo nyubakwa yasenyuka. Abatari bake irengero ryabo gushika ubu ntirizwi, imisi itanu inyuma yuko iyo nyubakwa isenyutse kubera imvura nyinshi cane.

Ku musi wa mbere abategetsi barahagaritse, Samuel Kamau, nyen’iyo nyubakwa ya etage zitandatu yasenyutse. Bizegekanijwe ko yitaba sentare muri iyi ndwi.

XS
SM
MD
LG