Uko wahagera

Iraki: Televiziyo ya Al Jazeera Iratabarizwa


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita k’uburenganzira bwa kiremwa muntu, Human Rights Watch risaba leta ya Iraki kwisubirako ku ngingo yafasha igasubira kwugurura ibiro vya Televiziyo ya Al Jazeera biri ku murwa mukuru Baghdad biheruka mu ndwi iheze.

Human Rights Watch imenyesha ko iryo yugarwa ata kindi rigamije atari uguhonyanga ubwisanzure bwo gushikiriza iciyumviro.

Mu ndwi iheze, igisata co muri Iraki kijejwe itangazamakuru carugaye ibiro vya Televiziyo Al Jazeera mu kiringo c’umwaka.

Bacagiriza guhamagarira abanyagihugu mu bwicanyi kandi ko gica kubiri n’amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru, mugihe c’intambara yo kurwanya iterabwoba.

Abategetsi ba Iraki barigeze kubuza iyo Televiziyo ya Al Jazeera gutangaza amakuru incuro zishika zitatu. Mu mwaka w’2013 ico kinyamakuru carahagaritswe inyuma yaho gishikirije amakuru y’abasirikare barashe aba isilamu bo mu bwoko bw’aba Sunite.

XS
SM
MD
LG