Uko wahagera

USA: Ibiganiro Mu Burundi Bikwiye Gutangura Vuba


John Kirby, umuvugizi wa Deparetema ya Amerika
John Kirby, umuvugizi wa Deparetema ya Amerika

Leta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko vyihutirwa ko ibiganiro hagati y’abarundi bisubira gutangura.

Mu gihe Amerika ishigikiye akigoro k’ibihugu vyo mu karere ka Afirika y’ubuseruko, Amerika imenyesha ko ibabajwe no kubona ibiganiro bitasubiye gutangura ejo kuwa mbere.

Mw’itangazo ryasohowe ejo kuwa mbere, Amerika imenyesha ko kwigiza inyuma ibiganiro ata kindi bivyara atari ugukamira mucoze ubwicanyi mugihe abarundi batari bake bamaze gupfa, abandi bashika ibihumbi 260 barahunga igihugu, ubutunzi bw’igihugu burasubira inyuma.

Amarika ihamagarira aberwa n’umugambi w’amahoro mu Burundi gusubira ku meza y’ibiganiro bagatevye kandi bakavyitaba ata nzitizi barinze gushira imbere.

Abarongoye abandi muri politike mu Burundi, nibo bakwiye gutera intambuka kugira batorere inyishu ibibazo biri mu Burundi mu maguru masha bisunze amasezerano ya Arusha, wo mushinge w’amahoro n’umutekano mu Burundi, iryo tangazo ribandanya rivuga.

Amerika irangiza ihamagarira impande zose guhagarika ubwicanyi no kwihanganirana kandi bakaja mu biganiro atawe bikumira.

XS
SM
MD
LG