Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Yishe Abasirikare 22 ba Leta


Abarwanyi ba Al-Shabab
Abarwanyi ba Al-Shabab

Muri Somaliya, abasirikare 22 ba leta barishwe bahitanwe n’igitero cagabwe n’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab ejo ku musi wa mungu.

Umutegetsi wa Somaliya atashimye ko avugwa izina kumvo z’umutekano wiwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko al-Shabab yafashe n’igisagara ca Runirgood kiri mu ntara yo hagati ya Shebelle.

Abarwanyi ba al- Shabab bo bashikiriza ko bishe abasirikare barenga 32 barimwo n’intwazangabo ya gisirikare.

Umukomanda w’igirikare ca Somaliya, Mohamed Mohamud Sanay yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abasirikare biwe baguye mu mutego wa al shabab, umunani muri bo baca barahasiga ubuzima.

Avuga kandi ko bashoboye kwica abarwanyi ba al -Shabab 12.

Umutegetsi wa Somaliya atashimye ko bamuvuga izina yamenyesheje ko abasirikare 22 aribo bahasize ubuzima, abandi 10 ntibaramenya irengero ryabo akaba afise ubwoba ko boba bari mu minwe ya al Shabab.

Ababonye igihe ico gitero caba bamenyesha ko al Shabab yakoresheje umwihevyi yari mu modoka itezemwo ikibombe kandi bamenyesha ko imiduga itatu ya gisirikare yatwawe n’abo barwanyi.

XS
SM
MD
LG