Uko wahagera

Burundi: Igitero Muri Karitiye Murama mu Kirundo


Ahabereye igitero muri Karitiye Murama, mu ntara ya Kirundo
Ahabereye igitero muri Karitiye Murama, mu ntara ya Kirundo

Umuntu umwe yarishwe ku italiki 30 y'ukwezi kwa 4 arashwe n’abantu batamenyekanye, ku muhana uri muri karitiye ya Murama, mu gisagara ca Kirundo.

Uwo yishwe yarasiwe ku muhana watewe n’abo bagizi ba nabi uri musi gatoya y’ibiro vya komine Kirundo. Nyene urugo rwatewe Yohani Mvuyekure avuga ko ariwe yaronderwa. Avuga ko yoba azira amatati afitaniye n’umukenyezi n’abana b'iwe bamaze imisi baravanye.

Umukenyezi wiwe avuga ko yobariza ahandi. Musitanteri wa komine Kirundo avuga ko atawoshoka yemeza ko ayo matati afatiye ku ndyane ziri muri uwo muryango. Kuva amasasu akivuga ku mugoroba wo mu musi wa gatandatu igipolisi carahashitse gutangura amatohoza, ariko gushika ubu nta muntu arafatwa yikekwa kuri ubwo bwicanyi.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Kirundo Jean-Bosco Ndarurinze:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00

XS
SM
MD
LG