Uko wahagera

Libiya: Impunzi Zasubiye Kwibira Muri Mediterane


Abantu 84 ntibaramenyekana irengero ryabo inyuma yaho ubwato barimwo bagana I Bulayi buzamiye mu mazi y’ibahari mediterane k’uruhande rw’igihugu ca Libiya k’umusi wa gatandatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bimukira OIM ritangaza ko abantu bashika 26 aribo bamaze kurokorwa.

Umuvugizi w’igisirikare c’Ubutaliyano gicungera inkengera z’ibiyaga yabwiye abanyamakuru ko izo mpunzi zari zigizwe n’abanyafirika bo mu burengero, kandi ko ubwato barimwo bwahagurutse buva mu gihugu ca libiya ku musi wa gatanu.

OIM itangaza ko impunzi 1244 bava muri Afirika, muri Aziya no mu burasirazuba bwo hagati aribo bamaze kugira amasanganya nk’ayo mu biyaga kuva uyu mwaka utanguye, bagerageza kwinjira ku mugabane wa Bulayi kurondera ubuzima bwiza baciye mu mazi.

XS
SM
MD
LG