Uko wahagera

Abasirikare b'Amerika 16 Bahanwe


Igisirikare ca Leta zunze ubumwe z’Amerika cahanye abasirikare 16 bagize uruhara mu gitero c’indege ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe” Medecins Sans Frontieres” mu gihugu ca Afganistani mu mwaka uheze. Ico gitero cahitanye abantu 42 bari mur’ivyo bitaro congera gisambura ivyo bitaro.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika bwamanyesheje kuwa gatanu ko bwagize amatohozwa busanga ubwo bwicanyi butokwitwa ivyaha vyo mu ntambara. Bamenyesha ko kimwe muvyatumye iryo sanganya riba harimwo ingorane zaturutse ku buhinga bw’ivyuma.

Mu bihano vyafatiwe abo basirikare harimwo ko bashobora kutazosubira kuduzwa amapete ndetse baranashobora no kuzosezererwa mu kazi. Mur’abo 16 harimwo babiri bafise amapete ya jenerali.

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF ryamye rivuga ko ritazokwemera amatohozwa ya gisirikare gusa, risaba ko hoba amatohozwa agizwe n’abatagira aho begamiye.

XS
SM
MD
LG