Uko wahagera

Liberiya: George Weah Arashaka Kuziyamamaza


George Weah, umunyaliberiya yabaye kirangiranwa mu mpira w’amaguru, ahurikiye mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, "Congress for Democratic Change", ategekanya kwemera akamo ariko arategwa n’abanyagihugu bamushigikiye uyu musi ku wa kane. Ako kamo kamusaba guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka w’2017.

Weah, mur’iki gihe ar’umusenateri aserukira intara ya Montserrado, yari yahiganywe ubwa mbere mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2005, igihe yaronka ikibanza kigira kabiri, arushijwe na Perezida Ellen Johnson Sirleaf.

Yarongeye aritoza mu mwaka w’2011, mu kibanza ca visi-perezida, ari kumwe na Winston Tubman, yamara no mur’ico gihe, umugambwe wiwe waronse ikibanza kigira kabiri, inyuma ya Sirleaf..

Nathanial Mc Gill, arongoye umugambwe "Congress for Democratic Change", yavuze kw’ubutegetsi bwa Sirleaf bumaze imyaka 10, bwananiwe kunagura ukuntu abanyaliberiya babayeho, ngo naho bwari bwari bwaronse imfashanyyo nyishi y’amakungu .

McGill avuga kw’ico arico gituma abanyaLiberia, barindiranye igishika cinshi ihinduka ry’ubutegetsi, kandi barizeye ko Senateri Weah ashobora guhindura ibitari bike.

McGill yavuze kw’abanyagihugu imiliyoni zibiri, bazokwitabira akamo kariko karaterwa kw’iradiyo.

XS
SM
MD
LG