Uko wahagera

Muri Kenya, Inzovu Zirageramiwe


Inzovu nizo nyamaswa nini cane ku butaka kw’isi. Izo nyamaswa zishobora gushikana itoni zitandatu, n’ukureha imetero indwi n’igice.

Naho ar’uko, inzovu mu karreka Afurika zirageramiwe n’abantu. Inzovu ibihumbi n’ibihumbi ziricwa uko umwaka utashe kubera amasenge yazo.

Umushakashatsi, Lucy King, ayoboye umugambi ujejwe gufasha ku bijanye ukubana hagati y’abanyagihugu n’inzovu, mw’ishirahamwe rijejwe gukingira inyamaswa rikorera mu gihugu ca Kenya, Save the Elephants. Avuga ko guhiga inyamaswa mu buryo butarekuriwe n’amategeko bigeramiye bikomeye inzovu mu karere ka Afurika.

Ikindi kibazo n’ibibazo vyaduka hagati y’abanagihugu n’inyamaswa. Inzovu zirihereza imirimo y’abarimyi zigatuma bahomba. Ivyo bituma abanyagihugu bica inzovu.

Igigitigiri c’abantu gitera ciyongera cane muri Afurika, ibikorwa vy’iterambere bibandanya vyiyongera, bituma ubutaka inzovu zikoresha butera bugabanuka cane.

Umushakashatsi, Lucy King, avuga ko uburyo b’ukwigizayo inzovu kugira ntizigeramire imirimo y’abanyagihugu, bashizweho ari ugukoresha amajwi yigana urwamo rw’inzuki.

Ivyo bituma inzovu zihunga. Amenyesha kw’ivyo bikora neza kurusha ugukoresha uruzitiro rw’intsinga zirimwo umuyagankuba.

XS
SM
MD
LG