Uko wahagera

Iraki: Abasivile b’I Mosul Barageramiwe


Mu gisagara ca Mosul
Mu gisagara ca Mosul

Muri Iraki, Amashirahamwe atabara impunzi aragabisha ko mugihe hoba intambara yo kwigarurira igisagara ca Mosul, gisanzwe kiri mu minwe y’umugwi wa leta ya Kiyisilamu bishobora kugira ingaruka mbi zikomeye ku basivile bari mur’ako karere.

Ivyo bimenyeshwa na Lise Grande, ajejwe gutunganya ibikorwa vy’amashirahamwe afasha abasinzikajwe n’intambara muri Iraki.

Amenyesha ko abantu bari hagati y’ibihumbi amajana atatu hamwe n’umuliyoni urenga gato bashobora guteshwa izabo n’imigwano.

Lise Grande abandanya avuga ko Iraki kiri mu bihugu vyo kw’isi bifise abanyagihugu benshi bugarijwe n’ingorane zatewe n’intambara.

Mu mwaka urangiye abantu bashika umuliyoni barateshejwe izabo mur’ico gihugu. Kuva intambara itangura muri Iraki haharurwa abashika imiliyoni 3.5 bamaze guhunga.

Ico gitigiri gishobora kwiyongera mugihe ibikorwa vyo kurwanya umugwi wa leta ya Kiyisilamu vyokwiyongera.

XS
SM
MD
LG