Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Iragabishwa na ONU


Misile Balistike yarungitswe mu Kirere na Koreya ya Ruguru
Misile Balistike yarungitswe mu Kirere na Koreya ya Ruguru

Inama ya ONU ijejwe umutekano yaneguye igihugu ca Koreya ya ruguru kubona cararungitse misile balistike mu kirere k’umusi wa gatandatu.

ONU imenyesha ko uko ari ukundi guca kubiri gukomeye ku vyemezo vyari bihasanzwe ONU yafatiye ico gihugu.

Mw’itangazo yasohoye kuwa mungu, inama ya ONU ijejwe umutekano yamenyesheje ko ivyo bikorwa vya Koreya ya Ruguru bihungabanya umutekano w’isi.

ONU igabisha ko ishobora gufatira Koreya ya Ruguru ibindi bihano bikomeye birenze kuvyo iheruka gufatira ico gihugu mu ndwi zirangiye.

XS
SM
MD
LG