Uko wahagera

Nepal: Kwibuka Umwaka Habaye Nyamugigima


Abanyagihugu ba Nepal bakoraniye ahahoze inyubakwa yahitanye abatari bake, ku murwa mukuru Kathmandu
Abanyagihugu ba Nepal bakoraniye ahahoze inyubakwa yahitanye abatari bake, ku murwa mukuru Kathmandu

Mu gihugu ca Nepal, abanyagihugu baharurwa mu bihumbi barahuye aho bibutse umwaka urangiye habaye nyamugigima ikomeye cane yahitanye abantu bashika ku bihumbi icenda.

Umushikiranganji wa mbere wa Nepal Khadga Prasad Oli yarashize icibutso ku bisigarira biri ahahoze inyubakwa y’igorofa ndende ku murwa mukuru Kathmandu.

Abantu bashika 132 nibo bapfuye igihe iyo nyubakwa yasenyurwa n’iyo nyamugigima kw’italiki 25 z’ukwezi kwa kane umwaka uheze w’2015.

Ariko ivyo bikorwa vyaranzwemwo imigumuko, aho abantu bashika 100 batanye mu mitwe n’igipolisi igihe bariko bagaragaza ishavu bafitiye leta ko yetevye gusanura ivyasambutse.

Abantu barenga ibihumbi 600 nibo babomorewe amazu n’iyo nyamugigima, hadasizwe inyuma amabarabara hamwe n’imitumba vyasenyutse.

XS
SM
MD
LG