Igipolisi ca Turukiya carahagaritse umumenyeshamakuru yamuka mu gihugu c’Ubuholande kimwagiriza ko yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter amajambo artyoza Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdowan.
Uwo mu menyeshamakuru w’umukenyezi azwi kw’izina rya Ebru Umar, yafashwe k’umusi wa mungu bamusanze aho asanzwe aba muri Turukiya.
Umushikiranganji w’Ubuholande ajejwe imigenderanire n’amakungu aremeza ifatwa ry’uwo mu menyeshamakuru ariko nta bindi yashatse gutangaza.
Iryo fatwa rya Umar rije ryiyongera ku bandi bagenzi we babiri bamuka mur’ico gihugu ca Turukiya basanzwe bari mu minwe bucamanza.
Baregwa kuba basohoye inkuru irimwo amasanamu yerekana leta ya Turukiya iriko itanga ibirwanisho mu gihugu ca Siriya.
Bashobora gucirirwa urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose.