Uko wahagera

Siriya: Indege za Leta Zishe Abarenga 20


Umukenyezi bariko bakura mu bibomoke vy'amazu inyuma y'ibitero vy'indege za leta ya Siriya mu gisagara ca Aleppo
Umukenyezi bariko bakura mu bibomoke vy'amazu inyuma y'ibitero vy'indege za leta ya Siriya mu gisagara ca Aleppo

Abantu barenga 20 barishwe muri Siriya n’ibitero vy’indege za leta ya Siriya zagavye mu duce tubiri turimwo abarwanyi k’umusi wa gatandatu.

Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe ryo muri Siriya rijejwe ivy’agateka ka muntu.
Abashika 10 biciwe mu gisagara ca Aleppo, inyuma y’umusi umwe indege za leta ya Siriya zishe abandi bashika 19.

Ahandi ni mu gisagara ca Douma, aho indege za leta ya Siriya zishe abashika 13, ariko ico gitigiri gishobora kurenga aho kuko hari abakomeretse bikomeye cane bashobora no kuhasiga ubuzima.

Ubwo bwicanyi bubaye mugihe hari amasezerano yo guhagarika intambara aheruka gushirwako umukono I Jeneve mu bu Suwisi mu kwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG