Uko wahagera

Guine Equatorial: Amatora y’Umukuru w’Igihugu kur’uyu Wa Mungu


Umunyagihugu n'amasanguvu y'amatora
Umunyagihugu n'amasanguvu y'amatora

Abanyagihugu ba Guine Equatorial kur’uyu w’imana bazindukira gutora umukuru w’igihugu mushasha azobarongora.

Amahirwe yo gutahukana intsinzi ahabwa Perezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo ari k’ubutegetsi kandi aburambiyeko imyaka itari mike.

Perezida Teodoro Obiang Nguema wa Guine Equatorial amaze imyaka yababa 37 k’ubutegetsi yafashe akuye inarume wiwe Francisco Macías Nguema.

Teodoro Obiang Nguema niwe mukuru w’igihugu wa Afirika amaze imyaka myinshi k’ubutegetsi kandi akaba ashobora no kwiyongeza iyindi myaka mugihe yotahukana intsinzi mu matora yo kur’uyu wa mungu.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu arwanira agateka ka muntu yamye anenga leta yiwe ko itubahiriza agateka ka muntu mu gukoresha inzego z’umutekano mu gutera ubwoba abarwanya leta, ariko ivyo vyagiriji leta yamye ibihakana.

XS
SM
MD
LG