Uko wahagera

Sudani y’Epfo: Riek Machar Yatebejwe Gushika I Juba


Riek Machar, umukuru w'abarwanya leta ya Sudani y'epfo
Riek Machar, umukuru w'abarwanya leta ya Sudani y'epfo

Umukuru w’abarwanya leta ya Sudani y’epfo Riek Machar ntiyabaya agishika ku murwa mukuru Juba kur’uyu wa gatandatu nkuko vyari bitegekanijwe.

Ugushika kwiwe kwatebejwe na Perezida wa Sudani y’epfo Salva Kiir aho yasavye ko habanza gusuzumwa ibirwanisho Machar aje yitwaje.

Iyo ngingo ya leta yafashwe mu mwanya muto inyuma y’inama nshikiranganji yateranye k’umusi wa gatanu.

Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri Sudani y’epfo Michael Makuei, leta ya Sudani y’epfo yamenyesheje ko izobanza kurungika umugwi uzobanza kuja gusuzuma ubwoko bw’ibigwanisho Machar azanye imbere yo kwemererwa gusubira I Juba.

Umuzo wa Machar I Juba ufise uruhara rukomeye mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro yateweko umukono umwaka urangiye hagati ya Perezida Salva Kiir na Machar mu ntumbero yo kurangiza intambara mur’ico guhugu.

James Gatdet Dak, avugira Reik Machar yatangaje ko iyo ngingo ije gutevya ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro. Ati bizoca bituma na leta mfatakibanza iteba gushingwa.

XS
SM
MD
LG