Uko wahagera

Chad: Idris Deby Yaratsinze Amatora


Perezida wa Cade Idriss Deby niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu, yabaye italiki 10 z’uku kwezi kwa kane.

Ariko abamurwanya bamwagiriza ko yivye anajwi.

Umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Chad watangaje ko Perezida Deby yatsinze ku majwi 61.5, arusha umwe mu batavuga rumwe na leta Saleh Kebzabo amajwi yababa 50 kw’ijana.

Kebzabo afadikanije n’abandi banyepolitike barwanya leta bamenyesha ko batemera ivyavuye mur’ayo matora aho bemeza ko amasandugu aharurwa mu majana yanyurujwe.

Bamwagiriza gupfunga abasirikare bariko bagaragaza ko batazomutora

Ariko naho bir’uko abarorerezi b’ubumwe bw’Afrika bo bamenyesha ko ata tunenge twaranze ayo matora.

Abanyagihugu barenga imiliyoni zitandatu nibo bitavye ayo matora.

Mugihe bigaragara ko Perezida Deby yatsinze ku majwi arenga 50 kw’ijana nta gice ca kabiri c’amatora kizotunganywa.

Ku musi w’amatora, ugutumatumanako biciye kuri internet vyari vyahagaritswe ndetse no guhanahana ubutumwa biciye kuri telephone.

XS
SM
MD
LG