Ishirahamwe ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Amnesty International rimenyesha ko abantu baharurwa mu majana bagandaguwe n’igisirikare ca Nijeriya igihe catana mu mitwe n’umuhari w’aba isilamu bwo mu bwoko bw’aba Shiite mu buraruko bw’igisagara ca Zaria mu kwezi kwa 12 kurangiye.
Iyo raporo yasohotse kuwa gatanu.
Umutegetsi wa leta ya Kaduna yiganiye Ijwi ry’Amerika ko hatowe ikinogo cahambwemwo abantu bashika 347, abantu bishwe mu ntambara hagati y’abasirikare ba leta hamwe n’umuhari w’aba islamiste wo muri Nijeriya, ufise icicaro mu gisagara ca Zaria.
Umwe mu bategetsi bakuru b’ishirahamwe Amnesty International Donatella Rovera amenyesha ko ivyabaye ari ubwicanyi kivunga bw’agahomerabunwa.
Haruhande y’abo bahambwe mu kinogo kimwe, umuhari w’aba Islamiste bo mu bwoko bw’aba Shiite umenyesha ko hari abandi barenga 350 batazi irengero ryabo.
Igisirikare ca Nijeriya co ciregura kivuga ko civunye umwansi mugihe abo ba islamiste bagomba kwica umukuru w’igisirikare yari arenganye mur’ico gisagara ca Zaria.