Uko wahagera

USA: Afirika Nta Kibanza Ihabwa muri Porogarama z’Abakandida


Politike mpuzamakungu yama ihabwa ikibanza canyuma mu bikorwa vyo kwiyamamaza kurongora Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Aba kandida ntamahirwe baronka yo gutsinda ama leta ya New Hampshire na Iowa igihe cose bashikirije imigambi y’ubutunzi hamwe n’umutekano bafise kuri Afrika.

Akarorero, ni mu mwaka w’1999, igihe George W. Bush yatangura kwiyamamaza mu matora ya mbere, yarashitse aho yemeza ko Afirika ata nyungu Amerika iyifiseko kubijanye na politike mpuzamahanga.

Mugihe vyagaragaye ko Afirika yahawe ikibanza gikomeye muri politike ya Amerika ku ntwaro za Obama na George W. Bush, ivyagaragaye nuko ata mpari nyinshi zigeze zibonekeza hagati y’ imigambwe ibiri ikomeye muri Amerika y’aba demokrate n’aba republika bishitse kuri Politike kuri Afrika.

Dr J. Peter Pham, umuyobozi w’ikigo kijejwe Afirika mu nama ya Atlantique, amenyesha ko leta yose ya Amerika yabwirizwa gukorera kw’ihinduka riba Afrika mubijanye n’irwirirana ry’abantu.

Amenyesha ko mu mwaka w’2050, umukozi umwe kuri bane kw’isi azoba yamuka muri Afrika kandi ko abanyafirika bazoba bakora mu bihugu bikomeye muvy’ubutunzi kw’isi.

Abahanuzi muvy’ubutunzi b’aba kandida bariko biyamamariza umwanya w’umukuru w’igihugu mu migambwe yose bose baremeranya ko Afrika ikwiye guhabwa umwanya ukomeye muri politike ya Amerika kandi Amerika igatwarayo imitahe aho co kwama biyumvira ko ar’umugabane wahariwe intambara.

Dr J. Peter Pham arabandanya mu kwemeza ko Afirika iriko irerekana ikibanza gikomeye mu butunzi bw’Amerika ati kandi leta yose yotsinda baba abo mu mugambwe w’aba demokrate canke aba republika, bose bakwiye kubikorerako

XS
SM
MD
LG