Uko wahagera

Centrafrique: Ibihano ku Birwanisho Bitegerezwa Kuvanwaho


Perezida w’igihugu ca Centrafrique, Faustin-Archange Touadera, yashitse ku butegetsi, haraheze ikiringo kiri musi y’ukwezi, yatangaje ko ibikorwa vyiwe vya mbere bizoba birimwo kwaka ibirwanisho abahoze ari abarwanyi n’ugusubira kwubaka igihugu.

Perezida Touadera, avuga ko umutekano, amahoro n’ugusubiza hamwe mu gihugu bizotuma Abanya Centrafrique barangura imiromo yabo mu mwidegemvyo. Ivyo yabitangaje mu kiganiro kw’Ijwi rya Amerika, ejo ku musi wa kane.

Yongeye kandi avuga ko ibihano amakungu yafatiye Centrafrique, ku bijanye n’ibirwanisho, bitegerezwa kuvanwaho. Amenyesha ko kugira basubire kwubaka igisirikare c’igihugu, ivyo bihano biterezwa kuvanwaho.

Avuga ko afise umwizero inyuma yuko abonanye n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ban Ki-moon, kw’ico kibazo kiwokwihwezwa, mu nama yimirije y’urwego rujejwe kwubajuiriza amahoro n’um utekano kw’isi.

Perezida, Touadera, yatowe kuba perezida mu kwezi kwa kabiri, mu matora yabwonywe n’abantu benshi nk’intambwe mu nzira nziza, mu gihugu ca Centrafrique.

XS
SM
MD
LG