Uko wahagera

Mali: Abikekwa Ibitero Barahagaritswe


Fawaz Ould Ahmeida
Fawaz Ould Ahmeida

Abategetsi mu gihugu ca Mali, bahagaritse Umunyamoritaniya yikekwa ko yateguye ibitero bitari bike vyihaye inkumbi, ku mahoteri muri Mali mu mwaka uheze.

Fawaz Ould Ahmedia, umumenyeshamakuru wa Servisi y’Igifransa, kw’Ijwi rya Amerika, yahagaritswe n’ibiro bijejwe iperereza vy’igihugu ca Mali, ku muhingamo ku musi wa kane, ku murwa mukuru, Bamako.

Umunyamakuru, Kassim Traore, avugako Ahmedia yagirizwa ko yariko ategura kugira igitero gishasha, kumusi ku wa gatanu, kw’ihagarikwa ryiwe ryatumye ibara ritarwa.

Ahmedia yikekwa ko ari inyuma y’igitero cagizwe kw’ihoteri, Radisson Blu, ku murwa mukuru, Bamako, mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze. Igitero cahitanye abgantu mirongo ibiri na babiri.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, ryasubiyemwo amakuru aturuka ku bajejwe umutekano avuga ko Ahmedia yemeye ko yateguye igitero kw’ihoteri Malian, iri hagati ku murwa mukuru, Bamako, cahitanye abantu cumi na batatu mu kwezi kw’umunani, mu mwaka uheze. Yaremeye kandi ko yagize igitero ku bunywero n’uburiro, ku murwa mukuru, Bamako mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2015, cahitanye abantu batanu.

Igihugu ca Mali kiriko kirwanya intagondwa z’Abayisilamu, kuva kudeta yo mu mwaka w’i 2012, irekuriye imirwi itari mike y’abarwanyi gufata uburaruko bw’igihugu.

XS
SM
MD
LG