Uko wahagera

Amerika Izafashanya n'Abarabu mu Kwita ku Mutekano


Perezida wa Amerika, Barack Obama ari kumwe n'umwami wa Arabiya Saudite, Salman
Perezida wa Amerika, Barack Obama ari kumwe n'umwami wa Arabiya Saudite, Salman

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, avuga kw’abategetsi ba Amerika n’abategetsi b’ibihugu vyo mu kigobe c’Abarabu, babandanya gusenyera hamwe. Aho ni mu twigoro tw’ukuzimanganya umurwi witwa, Reta ya Kiyisilamu, n’ukugarukana umutekano mu karere ko mu buseruko bwo hagati kasinzikanjwe n’intamabara.

Perezida Obama yarasubiye kwerekana ukwiyemeza kwa Amerika ku vyerekeye kurwanya agasomborotso ku bihugu bikorana nayo bigize ishirahamwe ry’ugufashanya mu kigobe c’Abarabu n’ibindi bihugu bicuditse vyo mu karere.

Perezida Obama n’abategetsi b’ibihugu bitandatu vy’ishirahamwe ry’ugufashanya mu kigobe c’Abarabu, barahuye ku murwa mukuru wa Arabiya Sawudite, Riyadh, ku musi wa kane, aho bashimikiye ku kajagari ka politike n’ingwano mu bihugu vya Siriya, Yemen, Iraki na Libiya.

Baganiye kandi uburyo bw’ukwongereza urugamba rw’ukurwanya umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, n’umurwi al-Qaida, hamwe n’uguhagarika ibikorwa vy’igihugu ca Irani, bihungabanya umutekano mu karere.

XS
SM
MD
LG