Uko wahagera

Amerika: Ikibazo c'Abimukira Casubiye Kuvyura Impari


Perezida wa Amerika, Barack Obama
Perezida wa Amerika, Barack Obama

Dosiye iri imbere ya Sentare kizigenza ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ishobora kugira ingaruka ku bantu imiliyoni n’imiliyoni, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igashobora gushiraho amategeko perezida adashobora kurengako vyasubiye, vyasubiye kwuvyura impari mu nama nshingamateka, ku vyerekeye gutunganya gushasha ivy’abimukira.

Ku musi wa mbere, sentare kizigenza ya Amerika yarumvirije impande zose ku vyuko nimba itegeko rya perezida Obama rikingira abimukira imiliyoni n’imiliyoni batagira impapuro zibemerera kuba muri Amerika mu buryo buciye mu mategeko, kugira ntibirukanwe mu gihugu, rirekuriwe n’ibwirizwa shingiro.

Reta ya Texas n’ayandi ma Reta 20 atwarwa n’Abarepublika ararwanya iryo tegeko rya perezida. Yamara Reta ya Amerika yarashigikiye ingingo yayo.

Impari zirabandanya kuri iryo tegeko mu nama nshingamateka.

Umudemokrate, Harry Reid ayoboye Abademokrate mu nama nkenguzamateka avuga ko sentare kizigenza yotegerezwa gukora ibitumbereye, ikemera ububasha bwa perezida.

Yamara umu Senateri w’Umurepublika, John Cornyn, avuga ko Abademokrate bariko babwira Abanyemerika ko bategerezwa guhitamwo kuba igihugu c’abimukira, canke igihugu c’amategeko. Avugako badategerezwa guhitamwo, ko bashobora kuba vyose uko ari bibiri.

XS
SM
MD
LG