Uko wahagera

Amerika: Itohoza ku Makuru y'Ibanga Aherutse Kuja Ahabona


Ray Chotowo muri Service ya Zimbabwe kw'Ijwi rya Amerika, umwe mu bamenyeshamakuru bagira amatohoza, bo mu murwi, International Consortium of Investigative Journalists
Ray Chotowo muri Service ya Zimbabwe kw'Ijwi rya Amerika, umwe mu bamenyeshamakuru bagira amatohoza, bo mu murwi, International Consortium of Investigative Journalists

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanguye itohoza ku makuru y’ibanga yashizwe ahabona n’ibiro vy’abashingwamanza muri Panama, Mossack Fonseca, yerekana uburyo bw’ukurondera kutariha amatagisi bwakoreshejwe n’abantu bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Umushsikirizamanza akomeye wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Preet Bharara, wo mu gisagara ca New York, yatangarije ivyerekeye iryo tohoza umurwi w’abamenyeshamakuru bagira amatohoza rikorera i Washington, banditse amakuru mu ntango z’uku kwezi ku nzandiko zirenga imiliyoni cumi n’umwe zashizwe ahabona n’ibiro, Mossack Fonseca.

Izo nzandiko zavuze ido n’ido ku mashirahamwe amajana n’amajana yashizweho mu mahanga n’abantu b’abakire, abantu bakomeye cane canke bazwi cane bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Bharara avuga ko yifuza kubonana n’abaserukira umurwi w’abamenyeshamakuru bagira amatohoza, witwa, “International Consortium of Investigative Journalists”, ku vyerekeye inzandiko z’ibanga bahsize ahabona ziswe, Panama Papers.

Uwo murwi w’abo bamenyeshamakuru utangaza ko waronse ikete rya Bharara, yamara ko ataco urarivugako.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko ikintu ca mbere bashaka gushimikirako mw’itohoza ari ukuraba amakosa yakozwe n’Abanyamerika canke amsosiyete yo muri Amerika. Amatohoza yaruguruwe no mu bindi bihugu.

XS
SM
MD
LG