Uko wahagera

Sudani: Riek Machar Ntarashika Juba


Perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir
Perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir

Kuba umutegetsi m ukuru w’abarwanya ubutegetsi, Riek Machar, atashoboye kugaruka ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, ejo ku musi wa kabiri, ubugira kabiri muri iyi ndwi, ivyo bishobora kugeramira amasezerano y’amahoro.

Ivyo bitangazwa n’abajejwe gukwirikirana amasezerano y’amahoro b’abanyamahanga.

Vyari vyitezweko, Riek Machar, ashika ku murwa mukuru Juba, gushiraho reta nfatakibanza na Perezida Salva Kiir. Ivyo inyuma y’imyaka ibiri n’igice y’ingwano.

Yamara ukutumvikana ku munuta wa nyuma, ku gitigiri c’inteko n’ibirwanisho abarwanya ubutegetsi bashobora kuzana ku murwa mukuru, vyaratebesheje ukugaruka kwiwe.

Reta ya Sudani yo mu bumanuko itangaza ko izorekurira umusirikare mukuru w’intwazangabo wiwe w’Umujenerali kuza ku murwa mukuru, Juba, n’inteko ijana na mirongo icenda na zitanu, igitigiri abarwanya ubutegetsi bemeye.

Yamara reta ivuga ko bashobora kuzana inkoho gusa, mu gihe abarwanya ubutegetsi bashaka kuzana ibirwanisho birasa kure, na za mitarayeze.

XS
SM
MD
LG