Uko wahagera

Obama Azobonana n'Abategetsi b'i Bulaya


Perezida wa Amerika, Barack Obama
Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, azobaonana n’abategetsi b’ibihugu vy’Ubufransa, Ubwongereza, Ubutaliyano, n’Ubudagi mu ndwi iza mu nama vyitezweko izokwihweza ibibazo birimwo ivyerekeye ibihugu vya Siriya, Libiya, n’ibibazo vyerekeye abimukira.

Perezida Obama, azoba ari muri ivyo biganiro na perezida w’Ubufaransa, Francois Hollande, Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, na perezida w’Ubutaliyano, Matteo Renzi, mu bgisagara ca Hanover, mu Budagi.

Abategetsi b’Ubufransa n’Ubwongereza bavuga ko ata bibazo kanaka vyategekanijwe kwihwezwa, yamara ibibazo bishobora kwihwezwa birimwo ikibanzo c’abimukira, umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu, ibibazo vy’umutekano mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko, n’ukugene ibintu vyifashe mu bihugu vay Siriya na Ukraine.

Itangazo ry’ibiro vya perezida wa Amerika, Maison Blanche, rivuga ko abo bategetsi bazokwiheza izindi ntambwe ibihugu bigize ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, bizofata kugira bitorere vinyishu biri mu karere k’Ubuyali bwo mu buseruko, hamwe n’utwigoro tw’ugutuma ibiganiro ku masezerano yerekeye ubudandaji n’imitahe hagati ya Amerika n’akarere k’Ubulayi igira intambwe.

XS
SM
MD
LG