Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yumvikanye n’umwami wa Arabiya Saudite, Salman, ku kamaro k’ugukorera hamwe mu gikorwa c’ukuhwamika intamara ziri mu karere.
Ivyo vyabaye mu nama yo mu mwiherero yamaze amasaha abiri, ku murwa mukuru Riyadh, uno musi ku wa gatatu.
Mw’itangazo, inyuma y’iyo nama, ibiro vya perezida Obama, Maison Blanche, vyatangaje kw’abo bategetsi babiri baganiye ibibazo biterwa n’agasomborotso k’igihugu ca Irani mu karere.
Amerika na Arabiya Saudite ntivyumvikana ku buryo bw’ukuvyifatamwo ku vyerekeye Irani n’urugamba rw’ukurwanya iterabwoba.
Itangazo ry’ibiro vya perezida Obama rimenyesha ko Amerika yakira neza agahengwe gaherutse gushikwako ku vyerekeye igihugu ca Yemen, hamwe n’ukwiyemeza kwa Arabiya Saudite, ku vyerekeye gutanga imfashanyo igenewe abanyagihugu muri Yemen.
Mu nyuma yaho, perezida Obama yabonanye n’umuganwa aramutswa Abu Dhabi, Sheikh Mohammed bin Zayed Al Nahyan, n’icegera c’umusirikare mukuru ayoboye inteko za Emirats Arabes Unis.