Uko wahagera

Brezil: Perezida Rousseff Aragabisha Uruhagarara rwa Politike


Perezida wa Brezil,Dilma Rousseff
Perezida wa Brezil,Dilma Rousseff

Perezida wa Brezil, Delma Rousseff yatangaje uno musi ku wa kabiri ko gutanguza umugambi w’ukumumura ku butegetsi bizogeramira umutekano wa politike mu gihugu. Ivyo kubera bigeramira demokrasi.

Rousseff yatangaje kandi kube ashobora gukurwa ku butegetsi ari inyifato ivangura bifatiye ku gitsina. Yatanze akarorero ka politike yiziziwe n’abagabo muri Brezil.

Perezida Rousseff, avuga ko muri iyo ntumbero y’ukurondera kumukura ku butegetsi harimwo ivangura rufatiye ku gitsina. Amenyesha kw’inyifato nkiyo atari kuba iyaba umuperezida ari umugabo.

Naho ibitigiri vy’abapfasoni batora birengeye cane ibitigiri vy’abagabo muri Brezil, hafi y’ibice cumi kw’ijana gusa ku Badepite amajana atanu na cumi na batatu mu nama nshingamateka ari abapfasoni.

Inama nshingamateka yarashigikiye ingingo y’ugukura perezida Rouseef ku butegetsi ku musi w’Imana urangiye. Vyitezweko inama nkenguzamateka itora kuri ico kibazo mu ntango z’ukwezi nkwa gatanu. Amajwi mirongo itanu kw’ijana gusa niyo azoba akenewe kugira Rousseff, abe arahagaritwe mu mabanga yiwe y’mukuru w’igihugu, mu gihe urubanza rw’ukumukura, ruzoshobora kumara amezi atandatu, ruzoba ruriko ruraba.

XS
SM
MD
LG