Uko wahagera

New York: Abanyagihugu Batoye Abakandida Perezida


Abanyagihugu bo muri reta ya New York, baraja uno musi ku wa kabiri mu matora ya mbere agenewe guhitamwo abakandida bazosekurira imigambwe uko ari ibiri y’Abademokrate n’Abarepublika, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ivyatohojwe imbere y’amatora vyerekana ko Umudemokrate, Hillary Clinton, n’Umurepublika, Donald Trump, bari imbere bikomeye y’abo bahinganwa mu migambwe yabo.

Intsinzi ikomeye ya Hillary Clinton, yotuma yegereza kuba umupfasoni wa mbere yoba agenywe n’umugambwe ukomeye kuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Intsinzi ikomeye ya Donald Trump, yotuma agumana umwizero w’ugutorwa guserukira umugambwe w’Abarepublika imbere y’ikoraniro ry’ukugena uwuzoserukira uwo mugambwe rizoba mu kwezi kw’indwi.

Bompi, Hillary Clinton, na Donald Trump barabaye igihe muri reta ya New York. Hillary Clinton, yahagize i muhira iwe, mu gutsindira kuba Senateri w’iyo ntara incuro zibiri, mu gihe Trump afise amatungo menshi cane muri iyo reta. Aba mw’igorofa yiwe ndende ifise izina ryiwe.

Ivyanyuma vyatohojwe vyerekana ko Hillary Clinton ari imbere y’uwo bahiganwa, Bernie Sanders, n’ibirenga icibe cumi kw’ijana, mu gihe, Donald Trump, afise hafi y’ibice mirongo itanu kw’ijana vy’amajwi.

Ari imbere cane y’abandi bakandida bahiganwa, Ted Cruz, na John Kasich.

XS
SM
MD
LG