Uko wahagera

Obama Azobonana n'Umwami wa Arabiya Sawudite


Perezida wa Amerika, Barack Obama
Perezida wa Amerika, Barack Obama

Bitegekanijwe ko perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama n’umwami wa Arabiya Sawudite, Salman, babonana mu gihe imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo itifashe neza muri iki gihe.

Ivyo bihugu biri bimaze igihe bicuditse bifise ibibazo bikomeye bitumvikanako ku vyerekeye urugamba rw’ukurwanya iterabwoba n’intamabara zo mu karere.

Perezida Obama azobonana ejo ku musi wa gatatu n’umwami wa Arabiya Sawudite, ku murwa mukuru, Riyadh, mu rugendo muri ico gihugu mu mabanga yiwe ya perezida.

Urugendo rwa Obama ruzokwirikirwa, ku musi wa kane, n’inama y’ishirahamwe ry’ugufashanya ry’ibihugu vyo mu kigobe c’Abarabu, ishirahamwe rigizwe n’ibihugu bitandatu harimwo Arabiya Sawudite, Koweti, Reta ziyunze z'Abarabu, Katari, Bahrain na Oman.

Bisa yamara nuko imigambi n’uburyo butandukanye mu uragamba rw’ukurwanya iterabwoba n’ukugarukana umutekano mu karere bizoguma bitandukanya abategetsi ba Amerika n’abategetsi ba Arabiya Sawudite.

XS
SM
MD
LG